Uko wahagera

Urunani rw'Ibihugu vy'Abarabu rwo Kurwanya Iterabwoba


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ashikiriza ijambo mu nama y'abakuru b'ibihugu vy'abarabu i Riyadh, muri Arabiya Saudite.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ashikiriza ijambo mu nama y'abakuru b'ibihugu vy'abarabu i Riyadh, muri Arabiya Saudite.

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Arabiya sawudite batangaje kur’uyu w’Imana ko bagiye gushiraho ikigo co kurwanya abafasha iterabwoba bakoresheje uburyo bw’amafaranga. Ivyo vyavuye m’urugendo perezida Donald Trump w’Amerika yagize I Ryad.

Ibihugu bitandatu vyo mu kigobe c’abarabu ari vyo Koweït, Qatar, Bahrein, Omani, Arabiya Saoudite, Emirats arabes unis, ni vyo vyiyemeje gukorera hamwe mu guhanahana amakuru y’amashirahamwe aha uburyo bw’amafaranga imihari y’iterabwoba ya reta ya Kiyisilamu na Al-Qaïda, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca reta muri Amerika.

Haruhande y’iyo mihari izwi ko ikora iterabwoba, ibindi bihugu bizogenzurwa n’ico kigo ni Irani na reta ya Siriya, nkuko iryo tangazo ribandanya rivuga. Ico kigo kizoba kijejwe kandi no gufatira hamwe ibihano ayo mashirahamwe.

Mwomenya ko muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, deparoterma y’ikigega ca reta ariyo isanzwe ihasha amashirahamwen nk’ayo aha uburyo bw’amafaranga abakora iterabwoba kandi ibihano biramaze gufatirwa abafasha umuhari wa reta ya kiyisilamu, abatalibani hamwe n’umuhari wa Hezbollah.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG