Uko wahagera

EAC Irasaba Ubulaya Gukura Ibihano ku Burundi


Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni ntaca hirya no hino mu kuvuga kw’ Ubumwe bwa Bulaya busaba ikintu kimwe hamwe n’igihushane caco. Kuri we, Ubumwe bwa Bulaya ntibwofatira ibihano Uburundi, kimwe mu bihugu bigize umuryango wa EAC hama ngo bugaruke bwipfuze kugirana amasezerano y’ubudandaji n’ako karere, mu gihe hari umunywanyi yahanywe.

John Pombe Magufuli umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yahora arongoye umuryango wa EAC nawe nyene arashigikiye mugenziwe Museveni yahawe kurongora uwo umuryango mu kiringo c’umwaka. Magufuli avuga ko mu gihe Ubulaya butokwisubirako, bugakuraho ivyo bihano vyafatiye Uburundi, ibihugu biri mu muryango wo muri Afrika yo mu buseruko, bitazosinya ayo masezerano.

Ni inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru ari i Dar es Salaam

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:09 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG