Uko wahagera

Urugendo rwa Prezida Macron muri Mali


Prezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa (i bubamfu), Prezida Ibrahim Boubacar Keita wa Mali (i buryo)
Prezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa (i bubamfu), Prezida Ibrahim Boubacar Keita wa Mali (i buryo)

Prezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yakoze urugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga, kur’uyu wa gatanu, aho yagendereye inteko z’Ubufaransa zisanzwe ziri mu gikorwa co kurwanya iterabwoba mu gihugu ca Mali.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ari kumwe na mugenzi we wa Mali, Prezida Ibrahim Boubacar Keita, Prezida Macron yavuze ko abiyahuzi bakorera mu karere ka Afrika y’Uburengero ar’intambamyi k’umugabane w’Uburayi. Yasezeranye ko Abasirikare b’Ubufaransa bazoguma muri Mali gushika imigwi y’abiyahuzi itujijwe burundu.

Prezida Macron yavuze ko Ubudagi bufasha cane m’urwo rugamba. Yamara yabusavye kwongerereza inguvu m’ugukingira Uburayi, biciye m’ukugwanya itebwoba.

Prezida Boubacar Keita wa Mali yashimye imfashanyo y’igisirikare bahabwa n’Ubufaransa kuva mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, aho umuhari al-Qaida wigaruriye akarere k’uburaruko bwa Mali. Prezida Keita yavuze ko urugendo ari rurerure, ariko ko ata nkeka bazotsinda urwo rugamba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG