Uko wahagera

Perezida Bashir Yahisemwo Kutabonana na Donald Trump


Reta y’igihugu ca Sudani itangaza ako perezida Omar al-Bashir yahisemwo kutaja mu nama perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'merika, Donald Trump ategekanya kuba arimwo mu gisagara ca Riyadh. Ivyo kubera Bashir adashaka kugeramira imigenedarnire hagati ya Sudani na Amerika.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Sudani, Ahmed Bilal yatangaje kw’abategetsi ba Reta y’ico gihugu babona kw’ivyaha yegetsweko na sentare mpuzamakungu mpanavyaha vyotuma bitamworohera kubonana na Perezida Trump.

Bilal avuga ko kubonana na Perezida Bashir vyotera ibibazo Perezida Trump.

Vyitezwe ko Trump afata ingingo nimba yokuraho burundu ibihano mu vy’ubutunzi Amerika yafatiye ubwa mbere Sudani mu mwaka w’i 1997. Amenyesha ko hamwe yobonana na Perezida Bashir, ivyo vyogira ingaruka kuri iyo ngingo.

Perezida Bashir aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu yagirizwa kuba yakoze mu ntara ya Darrfur.

Reta ya Sudani yatangaje mu gitondo co kur'uyu musi wa gatanu ko Perezida Bashir atazokwitaba inama hagati ya Amerika n’ibihugu vy’abarabu ku murwa mukuru wa Arabiya Sudite, Riyadh, aho vyitezwe ko Perezida Trump ashikiriza ijambo ku mwizero wiwe w’idini rya Kiyislamu rirangwa n’imigambi y’amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG