Uko wahagera

Comey Asabwa Gusigura Ibirego biri Kuri Prezida Trump


Prezida Donald Trump (i bubanfu) na James Comey, aherutse gukomborwa mu mabanga yo kurongora ikigo kijejwe gukora amatohoza ku vyaha FBI (i buryo)
Prezida Donald Trump (i bubanfu) na James Comey, aherutse gukomborwa mu mabanga yo kurongora ikigo kijejwe gukora amatohoza ku vyaha FBI (i buryo)

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ntivyorohewe kur’uyu wa kabiri, mu gihe hasohoka ivyegeranyo vyemeza ko Prezida Donald Trump yasavye James Comey, aheruka gukomborwa mu mabanga yo kurongora ikigo kijejwe gukora amatohoza ku vyaha, FBI, ko yohagarika amatohoza yariko arakorwa ku migenderanire ya Michael Flynn hamwe n’Igihugu c’Uburusiya.

Itangazo ryasohowe na Reta ya Amerika rirahakana ivyo vyegeranyo. Ni mu gihe har’impungenge ku bijanye n’uko Prezida Trump yoba yaragerageje guhagarika amatohoza yariko arakorwa na Comey, ku vyerekeye uruhara rw’Uburusiya mu matora ya Amerika yabaye m’umwaka uheze.

Inyuma y’aho hasohokeye ivyo birego, abagize inama nshingamateka, ku mpande zose, bakaba baciye bihutira gusaba ko James Comey yoza imbere y’urwo rwego kugira abisigure. Comey akaba yari yaratangaje mu minsi iheze ko atazokwisigura kur’ivyo birego atari hamwe abikoze k’umugaragaro.

Izo mpari zadutse mu gihe hari izindi zari zavutse zivuga ko Prezida Trump ashobora kuba yaratanze amakuru yo k’urwego rwo hejuru, ku bategetsi b’Uburusiya, mu nama yabahuje mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG