Uko wahagera

Perezida Trump Yarakiye Perezida wa Turkiya Erdogan


Perezida wa Amerika, Donald Trump na Perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan
Perezida wa Amerika, Donald Trump na Perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Indwi imwe inyuma perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ashavuje abanyaturkiya kubera yarekuriye guha ibirwanisho abakurde bo mu gihugu ca Siriya, yarakiye perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa kabiri.

Donald Trump yatangaje kw’abo bategetsi babiri baganiye imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo. Perezida Trump avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Turkiya vyamye bifitaniye imigenderanire myiza. Avuga ko bazokomeza iyo migenderanire kurushiriza.

Perezida wa Turkiya, Rece Tayyip Erdogan avuga kw’ingingo ya Amerika y’uguha ibirwanihso abakurde bo muri Siriya itajanye n’imigenderanire bafitaniye n’ico gihugu.

Yasubiye kwerekana impungenge ziwe kuri ico kibazo ku musi wa kabiri. Yatangaje kw’igihugu ciwe kitazokwigera camera ikoreshwa ry’abarwanyi b’abakurde mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya Kiyislamu.

Yamenyesheje yamara kw’imigenderanire hagati ya Amerika na Turkiya ihambaye cane. Yiyemeje ku vyerekeye gukomeza kurushiriza imigenderanire mu vyerekeye ubutunzi n’igisirikare hagati y’igihugu ciwe na Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG