Uko wahagera

Abantu Batatu Bamaze Guhitanwa na Ebola Muri RDC


Umuganga ariko asuzuma Ebola muri Sierra Leone.
Umuganga ariko asuzuma Ebola muri Sierra Leone.

Ikiza ca Ebola catangajwe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo, aho yahitanye abantu batatu kuva kw’italiki mirongo ibiri na zibiri z’ukwezi kwa kane. Ivyo vyatangaje uno musi ku wa gatanu n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.

Ku bw’iryo shirahamwe, ico kiza ca Ebola kiri mu karere karimwo ishamba mu ntara ya Bas-Uele, ku rubibe n’igihugu ca Centrafrika. Ubwa nyuma Ebola yiyadukije muri Congo hari mu mwaka w’i 2014. Yararwanijwe ningoga, yamara yahitanye abantu mirongo ine na babiri, mu biharuro vyatangajwe icese.

Umushikiranganji ajejwe amagera y’abantu muri Congo, Oly Ilunga yaremeje ukwiyadukiza gushasha kwa Ebola. Yasavye abanyagihugu kutagira ubwoba.

Yamenyesheje ko Reta yafashe ingingo zikenewe kugira yishure mu buryo bwihutirwa kuri ico kiza ca Ebola gisubiye kwiyadukiza.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko ririko rikorana n’abategetsi ba Reta ya Congo, kugira barungike ibikoresho n’abakozi bajejwe gufasha guhagarika ningoga ico kiza ca Ebola ciyadukije mu gice kitoroshe gushikamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG