Uko wahagera

Ubulaya Buvuga Ko Umutekano Udashemeye mu Burundi


Wolfram Vetter asarukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi
Wolfram Vetter asarukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi

Uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi Wolfram Vetter amenyesha ko ubwigenge bwa kiremwa muntu mu Burundi butubahirijwe kandi ko n'umutekano udashemeye mu gihugu.

Vetter asaba abegwa n’amatati bose kuja mu biganiro biyobowe na Benjamin Mkapa atakirinze gusabwa.

Ariko umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu arabibeshuza.

Alain Aime Nyamitwe atanga uturorero tw’abaserukira ibihugu vyabo batembera igihugu cose ataco binona.

Byavugiwe mu birori byo guhimbaza imyaka 60 iheze hasinywe amsezerano y’umuryango w’ubutunzi wa Bulaya yahavuye avyara Ubumwe bwa Bulaya.

Vetter mw’ijmabo ryiwe yavuze ko ubumwe bwa Bulaya bubandanya bufasha Uburundi mu migambi y’iterambere. Yasiguye ko n’imigambi yo mu myaka iri imbere iriko irategurwa.

Ariko yamenyesheje ko iyo migambi izoja mu bikorwa bifasha abanyagihugu muriki gihe igihugu kiri mu gihuhusi c’ubukene n’indyane za politike.

Uwuserukira ubumwe bwa Bulaya mu Burundi mugabo yibukije ko ivyo ibihugu bigize uwo muryango bikora vyose bitegerezwa kubanza kwemerwa na Leta y’Uburundi.

Uwo mugabo aturuka mu Budagi anasigura ko abafasha Uburundi batazigera basubirira Leta mu bijanye n’imigambi y’uguteza imbere igihugu haba mu bisata vya Leta canke abikorera utwabo.

Kugira iterambere rishoboke Vetter abona ko hari ibintu bitegerezwa guhinduka n’ibiganiro biyobowe na Mkpa bigashigikirwa.

Yagize ati “Ntitubeshanye, ibintu ntibirasubira mu buryo kuva mu mwka w’I 2015. Umutekano naho wagarutse ntushemeye. Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, abantu banyuruzwa n’ababorezwa igufa babandanya kuvugwa.”

Vetter yavuze ko ubwisanzure bw’abanyepolitike, itangazamakuru n’mashirahamwe yigenga bwarasubiye inyuma cane.

“Nico gituma ibiganiro bihuza abarundi bidakumira bitunganywa ari ngombwa.”

Umushikiranganji Nyamitwe ntahuza n’uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi.

“Kubijanye n’amahoro n’umutekano abafashanya n’Uburundi bose barazi ko mu gihugu cose vyagarutse. Mwobishingira intahe kuko mwahora mugendera intara zo hagati mu gihugu numvise ko na bamwe muri mwebwe bazosubirayo ejo.”

Alain Nyamitwe
Alain Nyamitwe

Umushikiranganji Nyamitwe yibukije kandi ikintu kibabaje Leta.

“Twararonse akaryo n’ubu munyemerere ndabisubiremwo ingingo ubumwe bwa Bulaya bwafatiye Uburundi ku masezerano ya Cotonou zirababaje. Twokwifuje kubandanya imigenderanire myiza nk’uko vyamye hambere.”

Yavuze ko bisunze uko ibintu bibandanya kuba neza Leta yarikwiye gufashwa n’uwo muryango kurusha ibihano vyo kudahabwa uburyo bigafutwa.

Kw’itariki ya 14 ukwezi kwa gatatu 2016, ubumwe bwa Bulaya bwafashe ingingo yo kudasubira gucisha muri Leta amafaranga bufashisha Uburundi.

Ibihugu bigize uwo muryango vyavuze ko utwigoro Leta yagize mu bijanye no gukomeza demokarasi no kugwanya ukutubahiriza kiremwa muntu tudahagije.

Ariko rero ibihugu bihurikiye mu muryango wa ACP bigizwe n’umugabane wa Afrika, amazinga ya Caraibe na Pacifique vyasavye ko ibihano vyafatiwe Uburundi vyohagarara ibitumvikanwako bikaganirwa ari navyo na Leta yifuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG