Uko wahagera

FIFA Yasoneye Umukinyi Lionel Messi


Lionel Messi, umukinnyi w'umurwi w'igihugu wa Argentine n'uw'umurwi Barcelone FC wo muri Esipanye
Lionel Messi, umukinnyi w'umurwi w'igihugu wa Argentine n'uw'umurwi Barcelone FC wo muri Esipanye

Urwego rwungururizwamwo amatati rw’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, rwakuyeho uno musi ku wa gatanu ingingo y’ukuziririza umukinyi w’umupira w’amaguru, Lionel Messi, guserukira umurwi nserukiragihugu wa Argentine mu nkino zine.

Iyo ngingo yari yafashwe kubera yatutse umwunganizi w’umuhagarikizi w’umupira w’amaguru igihe Argentine yakina n’igihugu ca Chili kw’italiki 24 z’ukwezi kwa gatatu, rw’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2018.

Naho urwego rwungururizwamwo imanza rw’ishirahamwe FIFA rubona kw’inyifato ya Lionel Messi igayitse, urwo rwego rubona kw’ivyemezo bihari bidahagije kugira afatirwe ibihano.

Umurwi nserukiragihugu wa Argentine, muri iki gihe utifashe neza mu kigoro kawo k’ugutsindira kuja mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2018 mu Burusiya, wiruhukije.

Ivyo n’ukuvuga ko, Messi, umukinyi akomeye cane w’umurwi nserukiragihugu wa Argentine, azoshobora gukina mu nkizo zine zisigaye z’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG