Uko wahagera

Burundi: Umuntu 1 Yarishwe muri Komine Isale


Umutama w’imyaka irenga 60 wo mu Rushubi ku murwa mukuru wa komine Isale mu ntara ya Bujumbura yararashwe ahita yitaba Imana. Hari hafi igihe c’isaha imwe y’ijoro kur’uyu wa kabiri nk’uko abari kumwe n’uwo muhisi babibwiye Ijwi ry’Amerika.

Musitanteri wa komine Isale yemeje urwo rupfu, avuga ko umutama Gilbert NDAYISABA yarashwe n’abantu bataramenyekana bamusanze mu bunywero aho yariko yivuna akanyota.

Intandaro y’urwo rupfu ntiramenyekana nk’uko musitanteri Gilbert NIYONKURU abivuga. Uwo mutegetsi yemeza ko amatohoza yatanguye.

Uru rupfu rw’uwo mukukuruke w’ishirahamwe rijejwe uburimyi mu kiyaya c’imbo SOGESTAL Imbo rutera amakenga abanya Rushubi.

Bavuga ko rusa n’urw'uwahoze arongoye komine Isale, Pontien BARUTWANAYO yarasiwe mu bunywero mw’ijoro ry’igenekerezo rya 23 ukwezi k’umunani umwaka wa 2015. Kuva ico gihe abishe uwo muyoboke w’umushingamateka Agathon RWASA n’icatumye yicwa ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG