Uko wahagera

Umudandaza Yiciwe muri Komine Cibitoke


Umudandaza wo ku mutumba Bwayi wa zone Buseruko muri komine Mugina y’intara ya Cibitoke yaragandaguwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana.

Umudandaza azwi kw’izina rya Habonimana James ikiziga ciwe catowe mu gitondo c’uno wa mbere aho biboneka ko abamwishe bamunize bongera bamukubita amahiri. Ivyo vyemezwa n’uwurongoye zone Buseruko ya komine Mugina yishikiye ahatowe ico kiziga.

Umukenyezi w’uwo yaraye yatswe ubuzima yahora ari umudandaza w’indagara, n’intuntu nyinshi, avuga ko yarindiriye ko ataha kur’uyu w’Imana arahebura , none yasubiye kumubona ari ikiziga.

Umupfasoni Evelyne Niyokwizera asigaranye abana bane. Avuga ko bigiye kumugora gutunga uruvyaro umucance wiwe amusigiye. Mu muryango w’umuhisi Habonimana bavuga ko batazi ico uwabo yazize kuko atamatati bai bazi yar’afitaniye n’uyu canke uriya.

Umukuru wa zone Buseruko nawe nyene yeyemza urupfu rw’umudandaza w’amafi . Habiyambere Emmanuel arongoya zone Buseruko avuga ko inyamiramabi yishikiye mu gitondo co kur’uno wa mbere kuraba ivyabaye. Ku bisabwa n’ababuze, uwo ajejwe intwaro muri zone Buseruko avuga ko inyamiramabi ziza zatanguye amatohoza.

Kuva uno mwaka wa 2017 utangura, abagabo bane nibo bamaze kwicwa mur’ubwo buryo nk’uko vyemezwa n’inyamiramabi zikorera muri komine Mugina. Ayo makuru avuga ko babiri bishwe bagirizwa ko ari abarozi, bandi babiri harimwo uwo wa n’ijoro ari abadandaza bishwe n’abasuma babategereye bariko bataha I muhira iwabo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka ni we yateguye iyi nkuru..

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:20 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG