Uko wahagera

Macedoine: Abanyagihugu Barakubise Abashingamateka


Zoran Zaev, umukuru w'umwe mu migambwe itavuga rumwe n'Ubutegetsi
Zoran Zaev, umukuru w'umwe mu migambwe itavuga rumwe n'Ubutegetsi

K’umugabane w’Uburayi, muri Republika ya Macedoine, intureka zadutse mu nama nshingamateka k’umunsi wa kane, zitewe n’abanyagihugu bari mu myiyerekano, zagirizwa imigambwe isanzwe idacana uwaka. Amakungu yiyamirije iyo nyifato.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya co kimwe na Reta Zunze Ubumwe bateye ivyatsi izo ntureka zabereye mu ngoro y’inama nshingamateka, i Skopje, mu ntumbero yo gutera abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Izo ntureka zadutse inyuma y’aho abo bashingamteka barangirije gutora umukuru w’inama nshingamateka mushasha.

Umukuru w’umwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, Zoran Zaev, ari mu bahigwa n’abateye izo ntureka, avuga ko abinjiye mur’iyo ngoro bari bafise umugambi wo kubica.

Mw’ijoro ryo ku wa gatanu, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yaciye atanga imihoho. Abantu bashika kw’ijana na babiri nibo bakomerekeye mur’izo ntureka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG