Uko wahagera

Umugambwe ANC Ushobora Kuzotakaza Ubutegetsi


Pravin Gordhan, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega w’igihugu ca Afrika y’epfo
Pravin Gordhan, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega w’igihugu ca Afrika y’epfo

Pravin Gordhan, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega w’igihugu ca Afrika y’epfo, yakuwe mu mabanga yiwe giturumbuka na Perezida Jacob Zuma, yagabishije kw’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC ushobora kuzotakaza ubutegetsi mu matora yimirije kuba.

Gordhan abonwa ko agwanya bikomeye ruswa muri Reta muri Afrika y’epfo, asa n’uwashigikiye icegera ca Perezida, Cyrill Ramaphosa mu mugambi w’ugusubirira Zuma.

Gordhan yabwiye televisiyo ya CNN ko hari impungenge ko niyo umugambwe ANC wabandanya mu nzira urimwo muri iki gihe, uwo mugambwe ushobora kuzotsindwa mu matora yo mu mwaka w’i 2019.

Umugambwe ANC waronse ibice 55 kw’ijana vy’amajwi mu matora y’inzego zo hasi yabaye mu mwaka uheze. Niyo majwi makeyi cane waronse kuva utanguye guhiganwa mu matora.

Umugambwe ANC uzogirisha ikoraniro mu kwezi kw’icumi na kabiri kugira utore umuyobozi mushasha azowuserukira mu matora yo mu mwaka w’i 2019.

Bitegekanijwe ko Perezida Zuma arangiza amabanga yiwe y’ukuyobora umugambwe ANC mu kwezi kw’icumi na kabiri, n’amabanga ya perezida mu mwaka w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG