Uko wahagera

Abarenga Miliyoni 7 Bakeneye Ibifungurwa muri Etiyopiya


Igihugu ca Etiyopiya kirakunda kugeramirwa n’uruzuba
Igihugu ca Etiyopiya kirakunda kugeramirwa n’uruzuba

Igitigiri c’abantu bakeneye imfashanyo y’ibifungurwa mu ntara zasinzikajwe n’uruzuba mu gihugu ca Etiyopiya kimaze kugera ku miliyoni indwi n’ibihumbi amajana indwi. Ivyo vyashikirijwe n’itangazamakuru rya reta.

Komisiyo y’igihugu ijejwe kurwanya Ibiza, yatangaje mu kwezi kwa mbere kw’ukubura kw’imvura bizotuma abantu imiliyoni zitanu n’ibihumbi amajana atandatu bakenera ibifungurwa mu buryo bwihutirwa muri uyu mwaka, mu ntara zitatu ku ntara icenda zigize igihugu.

Ubukanye n’umwuzurane w’amazi mu bice bimwe bimwe vyarageramiye bikomeye ivyimburwa vyari vyashoboye kurokoka uruzuba.

Imiliyoni amajana indwi na mirongo ine na zibiri z’amadolari y’abanyamerika zirakenewe kugira bifashe abanyagihugu basinzikajwe n’inkurikizi z’uruzuba. Ayandi matoni ibihumbi amajana ane na mirongo itatu na n’abiri y’ibindi bifungurwa birakenewe gushika mu ntango z’ukwezi kw’indwi.

Igihugu ca Etiyopiya kirakunda kugeramirwa n’uruzuba. Ukubura kw’imvura mu bice bihanamye mu gihugu vyatumye abantu imiliyoni cumi n’ibihumbi amajana abiri barondera imfashanyo y’ibifungurwa mu mwaka uheze.

Ishirahamwe mpuzamakaungu ONU ryaragabishije kw’inkurikizi z’uruzuba muri uyu mwaka mu karere ko muri Afurika yo mu buseruko bishobora gutuma abantu imiliyoni cumi n’indwi basinzikazwa n’inzara muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG