Uko wahagera

Urubanza rwa Compaore Rwungurujwe muri Burkina Faso


Blaise Compaoré yahoze arongoye Burkina faso
Blaise Compaoré yahoze arongoye Burkina faso

Sentare muri Burkina Faso yarunguruje urubanza rwa Blaise Compaoré yahoze arongoye ico gihugu n’abashikiranganji biwe, bagirizwa ubwicanyi mu myigaragamvyo y’abanyagihugu m’umwaka wa 2014 biyamiriza intwaro yiwe. Urwo rubanza rwari rutegekanijwe kur’uyu wa kane ariko rwarasibijwe.

Amakuru ava m’ubushikiranganji bw’ubutungane, avuga ko habaye ingorane zo gutunganya neza amasango. Bose hamwe abo bahoze ar’abashikiranganji babwirizwa kurengutswa imbere y’intahe ni 31.

Abashigikiye urwo rubanza bavuga ko ubwo ar’ubutumwa bugaragara ko ata n’umwe arengeye ubutungane, ariko bakavuga ko urubanza rwahawe intumbero ya politike.

Nkuko bishikirizwa na Issaka Lingani, akorera ikinyamakuru L'Opinion, co muri Burkina Faso, ari m’umugambwe wahoze k’ubutegetsi, urwo rubanza kabaye akaryo ko kwigiza kure ibisigarira vy’abahoze muri reta ihitiye. Avuga ko ata butungane yiteze kur’urwo rubanza.

Amashirahamwe ya sosiyete sivile atuma urutoke abasirikare cane cane abahoze bacungera umukuru w’igihugu ko aribo bakoze ayo mabi.

Mwomenya ko Compaoré akiri muri Kote Divuware aho yahungiye. Urwo rubanza rutegekanijwe kwongera kuburanishwa kw’italiki ya 4 z’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG