Uko wahagera

Amerika Isabwa Guhagarika Imfashanyo Iha Misiri


Inama y'abahinga ku migenderanire ya Amerika na Misiri.
Inama y'abahinga ku migenderanire ya Amerika na Misiri.

Umugwi w’abahinga, ujejwe imigenderanire hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Misiri usaba inama nshingamateka ya Amerika gusubira kwihweza umugambi w’imfashanyo y’amafaranga angana umuliyaridi n’igice y’amadolari, agenewe gufasha Misiri. Ivyo ngo ni mu gihe ata karusho kaboneka mu bijanye n’agateka ka zina muntu aho muri Misiri.

Abo bahinga bavuga ko intwaro ya Prezida Abdel-Fattah el Sissi ikora bwa gisirikare, itubahiriza agateka ka zina muntu, kandi ko iterekwa Amerika. Ivyo birego vyari vyashikirijwe kandi n’umuyobozi w’ikigo kijejwe amahoro mu karere k’abarabu, Michele Dunne, aho yerekanye abasirikare ba Misiri bariko barica abantu bikekwa kuba ar’abiyahuzi, mu karere ka Sinayi.

Uwo mugwi w’abahinga uvuga ko inama nshingamateka yogumizaho umugambi wo kwugara ikigega cari kijejwe gufasha Misiri, wari washizweho na Reta ya Prezida Barack Obama. Impande zompi mu nama nshingamateka zisa n’izemeranije ivyashikirijwe n’uwo mugwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG