Uko wahagera

Kenya: Odinga Yagenwe Kuzahangana na Kenyatta mu Matora


Muri Kenya, Raila Odinga amenyereye ivya politike, akaba yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’igihugu yagenywe uno musi ku wa kane guserukira imigambwe igize urunani, National Super Alliance.

Ivyo vyabereye mw’ikoraniro ry’iyo migambwe ryabereye ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Odinga azoserukira urwo runani mu guhiganwa na Perezida Uhuru Kenyatta mu matora yo mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka nkuko vyagenze mu matora yo mu mwaka w’i 2013.

Abanyepolitike batanu bakomeye batavuga rumwe na Reta ya Kenya bizeye kw’urunani rwabo ruhagije kugira batsinde umugambwe uri ku butegetsi muri Kenya, Jubilee Party.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG