Uko wahagera

Abapolisi Babiri Barashwe mw'Izinga rya Reunion


Umuntu yikekwa kw’akorana n’intagondwa z’Abayislamu yarashe abapolisi babiri mw’izinga ry’igihugu c’Ubufransa rya Reunion uno musi ku wa kane. Abo bapolisi bariko bagerageza kumuhagarika.

Uwo muntu na nyina wiwe baruhiye guhagarikwa. Igipolisi inyuma yuko gisatse inyubakwa babamwo, catoye ibirwanisho bitari bike n’ibikoresho bikenewe gukora amabombe. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati y’Ubufaransa.

Mw’itangazo, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati bwamenyesheje kw’uwo muntu yaronderwa kubera ahayagiza iterabwoba, naho ata bindi birenga aho ubwo bushsikiranganji bwatangaje. Abapolisi bakomeretse bajanywe mu bitaro. Yamara amagara yabo ntageramiwe.

Abashikirizamanza bajejwe kurwanya iterabwoba bariko baragira itohoza, kubera uwo muntu yarashe abapolisi babiri mw’izinga rya Reunion, akorana n’intagondwa z’abayislamu.

Ico gitero kibaye indwi imwe inyuma yuko uwundi mupolisi w’umufaransa yishwe arashwe ku murwa mukuru w’Ubufransa. Reta ya Kiyislamu yariyitiriye ico gitero c’i Paris.

XS
SM
MD
LG