Kenya na Etiyopiya vyagirizwa n’amashirahamwe atanga imfashanyo muri Somaliya gukoresha inguvu zirenze kubasivile ba Somaliya mugihe baba bariko barwanya abarwanyi ba al Shabab baba bagomba kujabuka guhungabanya umutekano mur’ivyo bihugu.
Raporo serevise y’igisomali kw’Ijwi ry’Amerika yashoboye kuronka, ivuga ko Kenya yakoze ibitero vy’indege kubanyagihugu b’abarimyi mu ntara ya Gedo muri Somaliya kuva m’ukwezi kwa gatandatu 2015. Ivuga kandi ko abakozi ba Kenya bajejwe gukingira ibikoko bahagaritse abanyagihugu barakora ubwicanyi ndengerabutungane.
Umuvugizi w’igisirikare ca Kenya, Colonel Jospeh Owuoth, arahakana ivyo birego mukuvuga ko Kenya igaba ibitero kuri al-Shabab gusa. Abategetsi ba Etiyopiya ntibabonetse ngo bagira ico babivuzeko, ariko umukuru w’iyo ntara, Abdi Mohamud Omar, yama yahakanye ivyo birego.
Ibisirikare vya Kenya na Etiyopiya bisanzwe biri muri Somaliya munteko za AMISOM zagiye kurwanya al-Shabab.
Iyo raporo nshasha ivuga ko ivyo bihugu bibiri bikoresha abasirikare batari muri AMISOM gucungera imbibe zavyo.
Facebook Forum