Uko wahagera

Hissène Habré Yaciriwe Uwo Guherayo


Hissène Habré, yahoze arongoye Tchad murukiko
Hissène Habré, yahoze arongoye Tchad murukiko

Sentare idasanzwe ya Afrika iri I Dakar muri Senegal yaciriye umunyororo wo guherayo Hissène Habré, yahoze ar’umukuru w’igihugu ca Tchad kur’uyu wa kane kuvyaha vyo guhohotera agateka ka muntu.

Komisiyo yo muri Tchad ijejwe gutohoza ivyiwe yasanze ko mukiringo co kuva m'umwaka w’1982 gushika 1990, abantu bashika ibihumbi 40 bapfuye.

Habré, ubu afise imyaka 74 y’amavuko yejejwe kuvyaha vyo kwiba yagirizwa kandi azofungirwa muri Senegal canke mukindi gihugu kiri mu muryango w’ubumwe bw’Afrika.

Uru rubanza rwaje rukurikira urwo kw' taliki 30 z’ukwezi kwa gatanu 2016, aho yaciriwe uwo guherayo kuvyaha vy’intambara, ivyaha vyo guhohohtera agateka kamuntu, ubwicanyi na sentare idasanzwe.

Kw’italiki ya 29 ukwezi kw’indwi 2016 yasabwe gutanga ibihumbi 30 vy’amafaranga y’abanyaburala kumuntu wese yahohoteye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG