Uko wahagera

Ibanki y'Isi Yose Yafashije Sudani y'Ubumanuko


Ibanki y’isi yose yatangaje ko yatanze imfashanyo y’imiliyoni mirongo itanu z’amadolari, iyiha Sudani y’Ubumanuko, mu ntumbero yo gufasha amashirahamwe asanzwe ariko aratabara abasinzikajwe n’inzara mur’ico gihugu. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’Ibanki y’isi yose, muri Etiyopiya.

Ni mu gihe Umushikiranganji w’ubutunzi muri Sudani y’Ubumanuko yari yatangaje ko iyo mfashanyo igizwe kandi n’imiliyoni umunani z’amadolari, agenewe kwubaka ibarabara riva mur’ico gihugu rija muri Etiyopiya.

Ivyo umuvugizi w’Ibanki y’isi yose akaba yavyamiriye kure, m’ukuvuga ko ata mafaranga arenze kuyajejwe gutabara abageramiwe n’inzara bazotanga. Avuga kandi ko amafaranga yose yar’agenewe imigambi y’iterambere yahagaritswe, bivuye ku ntambara iri mur’ico gihugu.

Icegeranyo casohowe n’ikigega c’isi yose (FMI), m’ukwezi guheze, kivuga ko amafaranga ya Sudani y’Ubumanuko yataye agaciro k’urugezo rw’ibice amajana atatu na mirongo indwi kw’ijana, m’ukwezi kwa mbere. Ico cegeranyo kivuga ko bisa n’uko at’amafaranga y’agaciro Ibanki ya Reta isigaranye, kigasaba ko haba umugambi wo kunagura amafaranga no gusubiza agaciro amafaranga y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG