Uko wahagera

Ubufaransa: Macron Yakomewe Akaruru n'Abashigikiye Le Pen


 Kandida Emmanuel Macron hagati kw'ifoto
Kandida Emmanuel Macron hagati kw'ifoto

Emmanuel Macron, umukandida mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa yakomewe akaruru uno musi ku wa gatatu n’abashigikiye uwo bahiganwa, Marine Le Pen igihe yagendera ihinguriro rikora ibikoresho vyo mu nzu rishobora kwugara kubera ibibazo rifise mu gisagara ca Amiens, mu buraruko bw’igihugu.

Bamwe mu bariko bakomera akaruru Macron basemereye amajambo avuga ko Marine Le Pen ari perezida. Madame Le Pen yari yagendeye iryo hinguriro amasaha makeyi y’imbere yaho.

Macron yatangaje ko yaje kugerandera iryo hinguriro kubera ashaka kuvugisha abakozi baryo. Yatangaje kw’ar’ivyumvikana kw’abantu bashavuye mu gihugu, kw’ingingo zitegerezwa gufatwa. Avuga kw’ariyo mpamvu yagendeye igisagara ca Amiens.

Amiens nico gisagara Macron yavukiyemwo. Yagendeye ico gisagara kugira yiyamirize ivyagirizo vyuko yafashe ibintu minenerwe mu ntango y’igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatanu mu Bufransa.

Yarangije imbere ya Le Pen mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi w’Imana urangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG