Uko wahagera

Abimukira 50 Bugaraniwe Hagati ya Maroke na Aljeriya


Umuryango wita ku mbabare Croix Rouge uriko uha ibifungurwa abimukira.
Umuryango wita ku mbabare Croix Rouge uriko uha ibifungurwa abimukira.

Abimukira b’abanyesiriya baharurwa muri 50 bamaze indwi birukanwe muri Aljeriya bugaraniwe hagati y’ico gihugu na Maroke.

Moulay M'hamed Ammari, ari mubaharanira agateka kamuntu mur’ako karere yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, kur’uyu wa gatatu ko abo bimukira bagabuwe mu mirwi ibiri kandi babayeho ubuzima butoroshe.

Yabandanije avuga ko bagenzi we aribo babaha ibifungura kn’ivyo kwipfuka ariko ko bidahagije.

Maroke yagirije k’umusi wa gatandatu Aljeriya kwirukana abanyesiriya 55 barimwo abagore n’abana kuba barahungabanije umutekano kandi bituma har’impunzi zinjira zidasuzumwe.

Mwomenya ko urubibe hagati y’ivyo bihugu bibiri rwugawe kuva m’umwaka w’1994.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG