Uko wahagera

Inteko z'Amerika Zahiga LRA Zatanguye kuva muri Centrafrika


AFRICOM
AFRICOM

Inteko zidasanzwe z’Amerika zariko zihiga abarwanyi ba LRA muri Centrafrike kuva m’umwaka wa 2011 zatanguye kuva mur’ako karere kuva kur’uyu wa gatatu.

Ivyo vyatangajwe na Charles Chuck Prichard, avugira inteko za Reta zunze ubumwe z’Amerika ziri muri Afurika, Africom. Yatangaje kandi ko abasirikare bose bazoba bavuyeyo m’ukwezi kw’icenda 2017.

Umuhari LRA urongowe na Joseph Kony ufise ivyiyumviro bishimikiye ku mabwirizwa cumi, kandi ufise intumbero yo gukura Yoweli Museveni k’ubutegetsi.

Kurundi ruhande, abasirikare b’Ubuganda bari mu nteko z’ubumwe bw’Afrika batanguye kuva mur’ako karere kw’italiki 19 z’ukwezi kwa kane.

Kuva mu mwaka w’2011, abasirikare badasanzwe b’Amerika baharurwa kw’ijana bari mu buseruko bwa Centrafrika, aho bakurikiwe n’abandi 150 barwanira mukirere kuva m’umwaka w’2014.

Ivyo bikorwa vyatwaye amafaranga ashika imiliyoni 780 z’amadolari y’abanyamerika, nkuko bibandanya bishikirizwa n’umuvugizi w’inteko za Africom

LRA wagirizwa gukoresha iterabwoba no gutwara abana hamwe no guca ibihimba vy’abasivile kurugero ruteye ubwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG