Uko wahagera

ONU Yasubiye Gutera Akamo k'Ibiganiro muri Kongo


Abasirikare ba Reta ya Congo
Abasirikare ba Reta ya Congo

Umutegetsi ajejwe gukwirikirana ivyererekeye gutabara mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Mamadou Diallo yasubiye gutera akamo.

Uyu mutegetsi asaba ko hoba ibiganiro bigenewe guhagarika intambara imaze amezi atari make yiha inkumbi mu ntara ya Kasai iri hagati mu gihugu. Mamadou Diallo avuga kw’ata yindi nyishu ihari muri iyo ntara atari inyishu iciye mu biganiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Kinshasa umusi umwe inyuma yuko umuvugizi wa Reta ya Kongo, Lambert Mende yeretse abamenyeshamakuru amasanamu ateye agahinda y’igandagurwa ry’abahinga babiri b’ishirahamwe ONU bari bazimanganye mu ntara ya Kasai mu kwezi kwa gatatu, mu nyuma yaho batorwa bapfuye.

Mende avuga kw’abo bakozi babiri b’ishirahamwe ONU bagandaguwe n’abarwanya ubutegetsi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu.

Mende avuga kw’abo bantu bagira iterabwoba. Atangaza kw’iterabwoba ritegerezwa kuranduranwa n’imizi muri Kongo. Amenyesha kw’ata kuganira n’abantu nkabo.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yanebaguye yivuye inyuma ingingo ya Reta ya Kongo y’ukwereka itangazamakuru amasanamu y’abakozi babiri ba ONU igihe bariko bagandagurwa. Atangaza ko gushira ayo masanamu ahabona bigeramira itohoza ziriko riraba.

Umuvugizi wa Reta ya Kongo, Lambert Mende avuga kw’ayo masanamu yafashwe n’abarwanya ubutegetsi, igipolisi kikaba carashoboye kuyaronka. Nta yandi makuru arenga aho yatangaje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG