Uko wahagera

Amerika: Inama rukokokoma kuri Koreya ya ruguru.


President Donald Trump listens as Treasury Secretary Steve Mnuchin speaks at the Treasury Department in Washington, April 21, 2017.
President Donald Trump listens as Treasury Secretary Steve Mnuchin speaks at the Treasury Department in Washington, April 21, 2017.

Abakenguzamateka ba Amerika ukwo bari ijana, bose baraye batumiwe mu nama rukokoma izobera ku biro vy’umukuru w’igihugu ejo ku musi wa gatatu. Ivyo vyatangajwe ejo ku musi wa mbere n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, aho bamenyesha kw’iyo nama izoba yerekeye igihugu ca Koreya yo muburaruko.

Iyo nama izoba iyobowe na Jim Mattis umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amahanga Rex Tillerson, umuyobozi w’ibiro vy’iperereza Dan Coats hamwe n’umuyobozi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu General Joe Dunford.

Mugihe abashingamateka basanzwe bagira amanama yo guhabwa amakuru arimwo amabanga akomeye kubiro bikuru vy’inama nshingamateka (Capitol Hill), ni gake ayo manama abera kubiro vy’umukuru w’igihugu, cane cane abakenguzamateka kuja mu nama nkizo bari hamwe bose.

Kubiro vy’umukuru w’igihugu, ari naho umukuru w’igihugu aba, ejo ku musi wambere aho yariko arasangira na ambasaderi w’inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, prezida wa Amerika yavuze ati: “Nta kwihanganira ukuntu ibintu vyifashe muri Korea yo muburaruko”.

XS
SM
MD
LG