Uko wahagera

Al Shabab Yishe Abasirikare 9 ba Somaliya


Abarwanyi ba al shabab mu myimenyerezo
Abarwanyi ba al shabab mu myimenyerezo

Abategetsi ba Somaliya batangaza ko abasirikare icenda ba reta bishwe abandi batanu barakomereka inyuma y’aho imodoka barimwo itegewe n’igisasu mw’ibarabara I Galgala.

Umuvugizi w’igipolisi mu ntara ya Puntland, Major Abdirahman Farah Gurhan, yashikirije ko ico gisasu caturitse mugatondo ko kur’uyu w’Imana mugihe bari mubikorwa vyabo vya misi yose vyo gucungera umutekano mu misozi ya Galgala.

Gurhan yavuze ko iyo modoka yarimwo abasirikare 17 igihe yahura n’uwo mutego kandi ko abo cahintanye barimwo abapolisi, n’abasirikare.

Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab wiyemereye ko ariwo wakoze ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG