Uko wahagera

Abana 20 Bishwe mu Mpanuka ya Bisi muri Afurika y'Epfo


Abana mirongo ibiri bapfuye kur’uyu musi ku wa gatanu mu mpanuka ya bisi hanze y’umurwa mukuru wa Afrika y’epfo, Pretoriya.

Iyo bisi yasekanye n’ikamyo kw’ibarabara riri hagati y’ibisagara vya Bronkhorstspruit na Verena, hafi y’ibilometero 70 umuntu avuye ku murwa mukuru, Pretoriya.

Amakuru yuko abo bana mirongo ibiri bapfuye yemejwe n’umuvugizi w’abajejwe gutabara vyihutirwa mu bihe vy’impanuka. Benshi mur’abo bana bafatiwe muri iyo bisi, benshi muribo bakaba bapfiriye ahabereye iyo mpanuka.

Abandi bana batari bake bakomeretse. Bajanywe mu bitaro bitandukanye biri hafi y’ahabereye iyo sanganya kugira bavurwe.

Impamvu yatumye haba iyo sanganya ntiyamenyekanye buno nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG