Uko wahagera

UEFA: Real na Atletico Madrid Bizokina Kimwe ca Kabiri


Ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere mu bihugu ku mugabane wa Bulaya rizajya muri kimwe ca kabiri mu ntangiro z'ukwezi gutaha.

Tombola yabaye uno musi ku wa gatanu yashyize hamwe imirwi ibiri yo muri Esipanye. Iyo ni Real de Madrid uzohura n’umurwi Atletico de Madrid mu rukino rwa mbere. Umurwi Juventus wo mu gihugu c’Ubutaliyano uzohura na AS Monaco wo m'Ubufaransa.

Mu mwaka uheze, Real Madrid yahuye na Atletico Madrid mu gice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya.

Niyo Real Madrid yatsindira igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya c’uyu mwaka, izoba ibaye umurwi wa mbere uzoba ugitsindiye wikwirikiranya mu mateka yaco. Ico gikombe gitegekanijwe kuva mu mwaka w’i 1993.

Inkino za mbere za kimwe ca kabiri c’ico gikombe zizoba kw’italiki zibiri na zitatu z’ukwezi kwa gatanu. Inkino zigira kabiri zo zitegekanijwe kw’italiki icenda n’icumi z’uko kwezi nyine.

Igice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya, kizoba kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatandatu mu gisagara ca Cardiff muri Pays de Galles.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG