Uko wahagera

OCHA: Abashika Umuliyoni Baramaze Guteshwa Izabo muri Kasai


Abanyagihugu b'i Mbuji Mayi, muri Kasai y'ubuseruko bahunga uruhagarara.
Abanyagihugu b'i Mbuji Mayi, muri Kasai y'ubuseruko bahunga uruhagarara.

Igisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo, OCHA, catangaje kur’uyu wa gatanu ko abasivile bashika umuliyoni aribo bamaze guta ingo zabo mu ntara ya Kasaï, iri hagati muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo kuva hatanguye ugutana mu mitwe hagati y’abarwanya reta n’abajejwe umutekano.

Kuva italiki ya mbere, ukwezi kwa kane 2017, Ocha itangaza ko imaze gutororokanya abashika umuliyoni n’ibihumbi mirongo icenda vy’abahungiye hagati mugihugu muri Kasai yo hagati, iyo mubuseruko, Kasai, Lomami na Sankuru.

Yvon Edoumou, ajejwe kumenyesha amakuru muri Ocha, yatangaje ko mubindi bice vy’igihugu, abashika imiliyoni zibiri bamaze guteshwa ingo zabo mu ntara za Kivu y’uburaruko, Kivu y’Ubumanuko, Ituri na Tanganyika mu bumanuko bushira ubuseruko.

Kuva m’ukwezi kw’icenda 2016, intara zo hagati muri Kongo ziri m’uruhagarara rwatewe n’ugutana mu mitwe hagati y’abajejwe umutekano n’umuhari w’abarwanyi biyitirira umukuru Kamwina Nsapu, yishwe n’abajejwe umutekano.

Mur’ico gice, ONU yatohoje ibinogo 40 vyahambwemwo benshi kuva urwo ruhagarara rutangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG