Uko wahagera

OMS: Abashika Imiliyoni 325 Bagendana Indwara y'Igitigu


Ku cicaro ca OMS i Geneve m'Ubusuwisi.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu, OMS, gitangaza ko imiliyoni z’abantu zari kurokorwa ubuzima iyo abanduye ingwara y’igitigu canke Hepatite bari gusuzumwa no kuvurwa.

Raporo nshasha ya OMS y’uyu mwaka wa 2017 yerekana ko imiliyoni zababa 325 z’abantu kw’isi bagendana ingwara y’igitigu co mumoko ya Hepatite B na C.

OMS itangaza ko abantu baharurwa mu bihumbi amajana barwaye igitigu bariko barapfa kubwo kudasuzumwa no kuvurwa.

Igitigu co mubwoko bwa Hepatite B candukira iyo amaraso canke ayandi mazi ava mu mibiri y’abantu ahuye.

Ibiharuro bishasha vyasohotse vyerekana ko ingwara y'igitigu yishe abashika umuliyoni 1.34 muri 2015 hamwe n’abashika umuliyoni 1.75 bashasha banduye, bigatuma abagendana uwo mugera bashika imiliyoni 71.

Gottfried Hirnschall, umuyobozi w’igisata ca OMS cita no kuri Sida, yatangaje ko ibitigiri vy’abapfa bishwe n’indwara y'igitigu bibangabanganywe n’abicwa n’igituntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG