Uko wahagera

Abanyamerika Ntibashima Kumwe Ivyo Trump Amaze Kurangura


Perezida, Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ariko yiha amanota yo hejuru ku bijanye n’ikiringo c’amezi atatu amaze ku butegetsi, yamara ibiharuro biherutse gutohozwa, vyerekana kw’abanyamerika badashima ivyo amaze kurangura.

Trump, mu ndwi iheze yagize ati: Nta reta n’imwe y’Amerika yari bwarangure ibingana n’ivyo naranguye mur’ico kiringo; ivyo birimwo ibya gisirikare, imbibe, ubudandaji, gukomeza inzego zijanye n’umutekano.

Trump yarongereje amajwi yiwe inyuma y’aho akoreye ibitero vya misile muri Siriya mu ndwi zibiri ziheze; ibitero vyari bifise intumbero yo guhasha reta ya Syria inyuma y’aho mur’ico gihugu hakoreshejwe ibigwanisho vy’ubumara mu gitero cakozwe ku basivile.

Yamara mu biharuro vyatohoje ukuntu abanyamerika babona iki kiringo amaze ku butegetsi, ikinyamakuru Politico/ Morning Consult ku musi wa kane casanze abanyamerika bangana n’ibice 39% baha Prezida Trump amanota meza, mu gihe abanyamerika bangana n’ibice 37%, bamuha amanota amanota mabi.

Ivyo biharuro vyatohojwe vyerekana kw’ibice bibiri vya gatu vy’abaDemokrate, bamuha amanita mabi, mu gihe 42% y’ abantu batoye Trump bamuha amanota meza, abandi bangana n’ibice 23% b’abaRepublika amanita yo hagati.

Muri rusangi, abanyamerika bavuga kw’atavuga ukuri kandi atar’umutegetsi w’incabwenge, kandi atitaho cane abanyamerika babayabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG