Uko wahagera

Urunani rwo Guhangana na Mugabe muri Zimbabwe


Morgan Tsvangirai na Professeur Welshman Ncube bahejeje gusinya amasezerano yo kuja hamwe.

Imigambwe ibiri itavugarumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe yarunze urunani rwo guhangana na Perezida, Robert Mugabe mu matora yo mu mwaka w’2018.

Aya makuru tuyakesha umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika I Harare muri Zimbabwe, Sebastian Mhofu.

Abakuru b’imigambwe ibiri ikomeye itavugarumwe n’ubutegetsi aribo, Morgan Tsvangirai yahoze ar’umushikiranganji wa mbere hamwe na Joice Mujuru, yahoze ar’icegera c’umukuru w’igihugu, basinye amasezerano yo kugira urunani kur’uyu wa gatatu.

Hambavu y’ivyo, Tsvangirai yarasinye amasezerano kumusi wa kane n’uwundi munyapolitike bari bamaze imyaka cumi badacana uwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG