Uko wahagera

Kwiyamiriza Ubutegetsi muri Venezuela Birabandanya


Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela batangaje ko bagiye kubandanya imyiyerekano isaba kw’ umukuru w’igihugu Nicolas Maduro akugwa k’ubutegetsi.

Iyo myiyerekano ibaye inyuma y’aho habereye uruhagara mu myiyerekano yabaye ejo ku musi wa gatatu hakitaba Imana abantu babiri; igipolisi kigahagarika abantu amajana n’amajana.

Ibaye imyiyerekano ya mbere yo kurwanya ubutegetsi ibaye inyuma y’imyaka itari mike.

Kur’uyu musi wa gatatu, imigwi ibiri y’abanyeVenezuela ibihumbi n’ibihumbi bashigikiye hamwe n’abadashigikiye Perezida Maduro n’imigambi yiwe, bihaye amabarabara y’igisagara ca Caracas mu myiyerekano.

Abajejwe umutekano bateye ivyuka bikoroza amosozi abanyagihugu bo mu bigwati biri mu burengero bw’umugwa mukuru.

Umwana akiri muto yarahasize ubuzima inyuma y’aho arasiwe mu mutwe. Umugwi w’abashigikiye reta nibo bagirizwa urupfu rwiwe, hamwe, n’urupfu rw’umukenyezi yishwe mu kigwati c’ahitwa San Cristobal.

Ayandi makuru yerekeye iyo myiyerekano yabereye muri reta ya Miranda hafi y’umurwa mukuru Caracas, avuga ko hashobora kuba harapfuye umusirikare wa reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG