Uko wahagera

Urunani rwa Amerika na Arabiya Sawudite kukibazo ca Irani


Reta zunze ubumwe za Amerika itangaza ko yiyemeje gushigikira igihugu ca Arabiya Sawudite mu kugwanya ibikogwa vy’ihungabanya ry’umutekano rigirwa na Irani muri ako karere.

Kur’uyu musi wa gatatu mu mubonano i Riyadh, k’umurwa mukuru wa Arabiya sawudite, umushikiranganji w’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis yabwiye mugenziwe wa Arabiya Sawudite, Prince Mohammed Bin Salman, ashimitse, akamaro ko gukorana no mu gukomeza igisirikare ca Arabiya Sawudite mu kurwanya amanyaga agigwa na Irani.

Arabiya Sawudite n’igihugu cambere Mattis ahereyemwo mu ngendo mu bihugu vy’abarabu agiye kugira mu kiringo c’indwi imwe. Muri ivyo bihugu hakaba harimwo Misiri, Isirayeli na Qatar.

Muri uwo mubonano bagiranye, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Arabiya Sawudite yabwiye uw’Amerika ati “Duha agaciro gakomeye ubutegetsi bwa perezida Donald Trump” kandi ko bagiye gukorana mu kurwanya iterabwoba n’ibindi bibazo vy’akarere biterwa n’igihugu ca Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG