Uko wahagera

Agashimwe Kitiriwe Félix Houphouët-Boigny Kubafashije Abimukira


migrants rescued
migrants rescued

Umukuru w’igisagara ca Lampedusa m’Ubutaliyano, Giuseppina Nicolini hamwe n’ishirahamwe SOS Méditerranée kur’uyu wa gatatu bahawe agashimwe kitiriwe Félix Houphouët-Boigny, gatangwa n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita kunyigisho, ubushakashatsi n’imicokama, UNESCO.

Nicolini yashimiwe kubikorwa vyo kurondera amahoro akora, mugihe SOS Méditerranée ryashimiwe kubikorwa vyo kwitaho impunzi n’abimukira.

UNESCO yatangaje ko abimukira aribo bavugwa cane mubibazo bihanze isi mur’iki gihe, cane cane mw’ibahari mediterane aho abantu bashika ibihumbi 13 bagizwe n’abagabo, abagore n’abana bamaze kuhahonera kuva mu mwaka w’2013.

Kuva Nicolini akigenwa kurongora igisagara ca Lampedusa mu mwaka w’2012, iryo zinga ryabaye umuhora abimukira bakoresheje cane bagerageza kwinjira mu Bulayi. Nocolini yerekanye umutima w’ubuntu n’urukundo mugukemura ibibazo vy’abimukira.

SOS Méditerane n’ishirahamwe rikorera mu bulayi rifasha mukurokora abimukira muri Mediterane. Kuva rigitangura mu ntango za 2016, rimaze kurokora ubuzima bw’abantu barenga ibihumbi 11.000, nkuko UNESCO ibandanya ivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG