Uko wahagera

RDC: Ibindi Binogo 17 Vyahambwemwo Benshi Vyatowe


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje, uno musi ku wa gatatu, ko ryatoye ibinogo bishasha cumi n’indwi (17) vyahambwemwo abantu benshi mu ntara ya Kasai iri hagati muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Ivyo vyashikanye muri rusangi igitigiri c’ibinogo vyahambwemwo abantu benshi bigera kuri mirongo ine muri iyo ntara yageramiwe n’ubwicanyi bukomeye kuva mu kwezi kw’icenda.

Ishirahamwe ONU ryagabishije ko rizosaba itohoza mpuzamakungu, harimwo sentare mpuzamakungu mpanavyaha, hamwe abategetsi ba Kongo batotangura bidatevye itohoza kur’ubwo bwicanyi.

Ugutana mu mitwe hagati y’abarwanyi n’inteko za Reta kwahitanye abantu amajana n’amajana, harimwo abahinga babiri barungitswe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU kugira amatohoza mu ntara ya Kasai.

ONU imenyesha kw’ari ngombwa kw’abategetsi ba Reta ya Kongo bafata ingingo zose zikenewe kugira habe bidatevye itohoza ryigenga rishira ahabona ityozwa ry’agateka ka muntu ryabaye mu ntara ya Kasai.

Umuyobozi mukuru w’ishami rya ONU, rijejwe agateka ka muntu amenyesha ko niyo abategetsi ba Kongo batagira iryo tohoza kw’azosaba amakungu gushigikira itohoza rikozwe n’inzego mpuzamakungu harimwo sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG