Uko wahagera

Abimukira Bashika 97 Bazimiriye mu Mazi ya Libiya


Abimukira batari bake baturuka mu bihugu vya Afrika batabawe mw'isanganya ry’ubwato ryabaye kuri uno musi wa kane hafi y’igihugu ca Libiya. Abandi bagera kuri 97 barazimira.

Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Libiya kigwanira mu mazi Jenerali Ayoub Qassem.

Abarokotse babwiye itororokanirizo ry'amakuru ry’abafaransa, AFP ko mubazimiriye harimwo abakenyezi 15, n’abana 5.

Qassem, yavuze kw’igisirikare kijejwe umutekano w’imbibe cashoboye kurokora abantu 23 baturuka mubihugu bitandukanye vya Afrika.

Iryo sanganya ry’ubwato ryabaye kubirometero 6 uvuye kukivuko kiri mugisagara ca Tripoli. Ubwo bwato bwasenyaguritse, abashoboye kurokoka bari abagabo bonyene.

Kuva mu ntango z’uyu mwka, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ingezi n'abimukira ryatangaje mu mpera z’ukwezi kwa gatatu yuko hamaze kuzimira abimukira bashika ku 590 bagiye bava ku kivuko ca Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG