Uko wahagera

BURUNDI: Umukozi w'Ishirahamwe GIRIYUJA Yaragandaguwe


Stany Niyonizigiye yakorera ishirahamwe Giriyuja riri muyitaho agateka k’abana bo mw’ibarabara mu Burundi yarishwe n'abantu bataramenyekana.

Ikiziga ciwe catowe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri I ruhande y’umuhana wiwe muri karitiye ya Kinanira ya gatatu iri muri Komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Yatowe musi y’umuduga wiwe nk’uko bisigurwa n’uwusanzwe akora akazi ko gucungera umutekano hafi y'aho nyakwigendera yaba.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi asigura ko igipolisi catanguye amatohoza. Moise Nkurunziza amenyesha ko igipolisi kijejwe kugwanya no gutohoza ubugizi bwa nabi arico kizotanga umuco kuko havugwa ibintu bitandukanye ku rupfu rwa Niyonizigiye.

Stany Niyonizigiye asize abana batatu n’umukenyezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG