Uko wahagera

Umumenyereza wa Argentine Yabogojwe


Ikipe ya Argentine
Ikipe ya Argentine

Umumenyereza w’umurwi w’umupira w’amaguru wa Argentine, Edgardo Bauza yahagaritswe mur’ayo mabanga. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa mbere n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Argentine, Claudio Tapia.

Argentine kiza mu mwanya wa gatanu mumigwi yo muri Amerika y’epfo iriko iharanira kuzoja mu nkino z’igikombe c’isi co mu mwaka w’2018 mu Burusiya. Argentine gushik’ubu ntikiraronka uburenganzira bwo kuzoja mur’izo nkino.

Uwo mumenyereza yari yashinzwe ayo mabanga mukwezi kwa ndwi umwaka wa 2016 mugihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Argentine ryari mu bibazo bitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG