Uko wahagera

FIFA: Brezil Yahawe Ikibanza ca Mbere mu Mupira w'Amaguru kw'Isi


Igihugu ca Brezil caje ubwa mbere mu bihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu mupira w’amaguru muri iki gihe ku rutonde ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ryasohoye kur’uyu wa kane.

N’ubwa mbere Brezil iza mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde mu myaka indwi.

Ivyo bibaye inyuma yuko Brezil ibaye igihugu ca mbere gitsindiye kuja mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kizoba mu mwaka uza w’2018 mu gihugu c’Uburusiya.

Brezil yari yamanutse cane ku rutonde rw’ishirahamwe FIFA rw’ibihugu bikomeye cane kurusha ibindi kw’isi mu mupira w’amaguru inyuma yuko kitavyefashemwo neza na gato mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’I 2010 n’umwaka w’i 2014.

Argentine iza mu kibanza ca kabiri, Ubudagi mu kibanza ca gatatu, Chile iza mu kibanza ca kane mu gihe Colombiya iza mu kibanza ca gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG