Uko wahagera

Mu Burusiya, Batanguye Itohoza kuri Bombe ya St. Peterburg


Abajejwe itohoza mu gihugu c’Uburusiya bavuga kw’umwiyahuzi yagize igitero ca bombe cihaye inkumbi ku musi wa mbere mu kibanza ca metro mu gisagara ca St. Petersburg. Ico gitero cabaye mu gihe perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yari yagendeye ico gisagara yavukiyemwo.

Abagize urwego rujejwe itohoza rw’Uburusiya batangaza ko batoye ibisigarira vy’umuntu bemera ko yishe abantu 14 akomeretsa abandi mirongo itanu. Mu gatondo c’uno musi ku wa gatanu, abategetsi bajejwe iperereza mu gihugu ca Kyrgyzstan, bamenyesheje kw’uwikekwa amu gitero ca bombe c’ejo ku musi wa mbere yitwa Akbarzhon Jalilov, yavukiye muri ico gihugu mu mwaka w’i 1995.Nta numwe yiyitiriye igitero co ku musi wa mbere.

Abategetsi b’Uburusiya bafashe izindi ngingo zerekeye umutekano mu bibanza vya metro. Abategetsi bo mu gisagara ca St. Petersburg batangaje imisi itatu y’ikigandaro inyuma y’igitero co ku musi wa gatatu.

Ibiro vya perezidansi y'Amerika, bimenyesha ko Perezida Donald Trump yahamagaye Perezida Putin inyuma y’igitero co mu gisagara ca St. Petersburg kugira yifatanye mu mubabaro n’imiryango y’abasinzikajwe n’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG