Uko wahagera

Intererano y'Ibihugu vya EAC Iracumbagira


Kuri uyu wambere hatanguye inama y’abashikiranganji bajejwe akarere k’Afurika y’ubuseruko ku cicaro gikuru c’uwo muryango kiri I Arusha muri Tanzania. Mubibazo biri kurutonde harimwo ikijanye n’intererano y’ibihugu bigize uwo muryango yatevye gutangwa, bigatuma ibikorwa bimwe bimwe bihagarara.

Inama nshingamateka y’umuryango w’Afurika y’ubuseruko niyo yashikirije ikibazo c’interarano itangwa n’ibihugu bigize uwo muryango. Kubwiyo nama nshingamateka, hari ibikorwa vy’uwo muryango bishobora guhagarara kubera interarano z’ibihugu zatevye. Abo bashingamateka bashikirije mu nama yabo iheruka kubera I Kigali mu Rwanda mu ndwi zibiri ziheze ko ico kibazo ari nkoramutima kugira Inama y’abashikiranganji igifatire ingingo.

Abo bashingamateka basigura ko amafranga aheranywe gushika ubu ari hafi imilioni 25 y’amadolari y’Amerika, arenga gato icakabiri c’amafranga Uburundi bukoresha kumwaka nukuvuga imiliaridi 65. Mu rwandiko rwabo, abo bashingamateka bavuga ko ubwo bukeme bw’uburyo bwatumye ibikorwa bimwe bihagararara, abakozi bacerwa guhembwa, hari uturusho two kumishahara twahagaritswe hamwe rero no kutariha ibkoresho bimwe bimwe biba vyaguzwe.

Ni mugihe ibihugu vyose bimaze kuriha ibice 44 % vyayo vyategerezwa kuriha. Kurivyo, Honorable Jeremie Ngendakumana atwara umugwi w’ubutunzi munama nshingamateka ya EAC aheruka kubwira Ijwi ry’Amerika ko n’uburyo bwari mu kigega c’integabizoza bwakoreshejwe bugahera. Inama nshingamateka isaba inama nshikiranagnji yatanguye ibikorwa vyayo kuri uyu wa mbere, ko bibaye ngombwa ibihugu bitarariha intererano n’ibirarane vyohanwa.

Mugihe hasigaye amezi 2 ngo umwaka w’amafranga umuryango w’Afurika y’ubuseruko ukoresha uhere, igihugu kimaze kuriha menshi n’Ubuganda. Bumaze gutanga ibice 91 %. Hakurikira Kenya kimaze gutanga ibice 52%, ubwa gatatu haza u Rwanda rumaze gutanga ibice 48%. Igihugu ca kane ni Tanzaniya kimaze gutanga ibice 30%, nayo ubwanyuma haza Uburundi butaranga na cumi hakiyongerako ibirarane vyo kumwaka uheze. Yose hamwe amahera Uburundi buheranye n’ideni ry’imilioni zirenga 9 z’amadolaori y’Amerika, arenga gato imiliaridi 23 z’amarundi.

Ibihano inama nshingamateka isabira ibihugu bidatera intambwe mugutaga interarano yavyo, umugwi ujejwe ubutunzi muriyo nama nshingamateka ubona ko bitegekanijwe n’amategeko.

Ibindi bitegekanijwe kwigwa n’iyo nama nshikiranganji n’ibijanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu bigize umuryango w’Afurika y’ubuseruko. Aho, inama nshingamateka iherutse gushiraho umugwi uja kwirabira ingene imigenderanire yifashe kumipaka y’Uburundi n’u Rwanda kuvaho iyo migenderanire ititukiye haraheze umwaka urenga.

Ibindi biri kurutonde rw’iyo nama y’abashikiranganji bajajwe akarere k’Afurika y’ubuseruko ni raporo y’ingene uwo muryango ukoresha uburyo uhabwa. Aho, umunyamabanga mukuru w’uwo muryango Ambasaderi Liberat Mpfumukeko avuga ko yarafashe ingingo nyinshi zo gutubika umukanda kugira amafaranga yahora aja mubidakenewe agaruke mukigega. Mu mpera z’umwaka uheze, Liberat Mfumukeko yamenyesheje ko hari hamaze kugaruzwa ayarenga imilioni 2 n’igice y’amadolari y’Amerika. Yifuza ko mukwezi kwa 6 uyu mwaka, ibiro vyiwe vyoba bimaze kugarukana mu kigega ayagera ku milioni 6.

Bitegekanijwe ko iyo nama y’abashikiranganji y’iminsi 2, izorangira kuri uyu wa kabiri hafashwe ingingo kubibazo bihanze umuryango w’Afrika y’ubuseruko.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika I Arusha Pierre Claver ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:11 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG