Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Akarere k'Igitoro Kagiye Guhungabanywa


Isanamu y'intara ya Bentiu, isanzwe irimwo igitoro, muri Sudani y'Ubumanuko.
Isanamu y'intara ya Bentiu, isanzwe irimwo igitoro, muri Sudani y'Ubumanuko.

Umukuru w’umugwi mukuru w’abagwanyi muri Sudani y’Ubumanuko, Dak Duop Bichok, yatangaje ko bagiye kudurumbanya ibikorwa vyo gucukura ibitoro. N’inyuma y’umunsi umwe barekuye abakozi batatu baturuka mu mahanga, basanzwe bakorera mur’ico gisata, bari banyurujwe mu ntango z’Ukwezi kwaraye guheze kwa gatatu.

Duop avuga ko Reta ikoresha amafaranga ikura mur’ico gitoro m’ukugura ibigwanisho no mu kwica abanyagihugu. Akavuga kandi ko abanyagihugu ataco baronka kur’ayo mafaranga. Duop yatangaje ko abo bakozi barekuwe aruko abakoresha babo babanje kuvugana n’umukuru w’umugwi SPLM IO, Riek Machar.

Michael Makuei, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru yari yatangaje mu ntango z’ukwezi guheze ko Reta yari yahawe amakuru avuga ko abo bagwanyi basaba ingwati y’umuliyoni w’amadolari, kugira barekure abo bakozi. Makuei akavuga ko Reta mfatakibanza ihari ubu idashobora kugira ico ikoranye n’abiyahuzi.

Duop arahakana ivyavuzwe n’umushikiranganji Makuei, akavuga ko ata ngwati bari basavye. Yamara ko bagabishije akatari gake amashirahamwe akorera mu gihugu no mu mahanga kugira ave mur’ako karere gasanzwe gacukugwamwo igitoro.

Umushikiranganji ajejwe ubutare bw’igitoro muri Sudani y’Ubumanuko, Ezekiel Lol, avuga ko bahakuye icigwa kandi ko bagiye gufata ingingo zo gukingira abakozi bakorera mur’ico gisata.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG