Uko wahagera

FIFA: Ibinyamakuru 5 Bizotangaza Inkino Mpuzamakungu


Zurich, ku cicaro ca FIFA
Zurich, ku cicaro ca FIFA

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA ryatangaje kur’uyu wa kane ko ryahaye uburenganzira ibimenyeshamakuru bitanu vyo muri Afrika iri musi y’ubugaragwa bwa Sahara gutangaza ihiganwa ry’igikombe c’isi co mu mwaka w’2018 hamwe n’izindi nkino zizoba mu myaka y’2017 na 2018.

Ivyo binyamakuru vyahawe ubwo burenganzira ni:

* Econet Media, izotangaza inkino zizobera mur’ako karere kiretse Afrika y’epfo

* Supersport, izotangaza mur’ako karere kose

* SABC, yahawe uburenganzira bwo gutangaza muri Afrika y’epfo

* StarTimes, izotangaza inkino zizobera mur’ako karere kiretse Afrika y’epfo

* CANAL+, izotangaza inkino zizobera mur’ako karere kiretse Afrika y’epfo na Nijeriya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG