Uko wahagera

Bazimurwa Kubera Ingoro ya Perezida i Bujumbura


Buramatari w’intara ya Bujumbura asaba imiryango 23 ifitiye amazu hafi y’ahariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu ku mutumba Gasenyi wa komine Mutimbuzi kuhava imbere y’uko ukwezi kwa gatatu kurangira.

Abo banyagihugu bavuga ko kuva aho hantu bisa n’ukubomora mu matongo yabo badahawe imizibukiro. Ni mu gihe amakuru ava mu gisata kijejwe ibikorwa vya Reta avuga ko imizibukiro yatanzwe kera, abene amazu bakarahira bakarengwa. Basaba umukuru w’igihugu kubatunganiriza imbere y’uko bava aho hantu.

Buramatari w’intara ya Bujumbura umupfasoni, Nadine GACUTI yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo ngingo ari ntabanduka, ko abafise ivyo basaba bazobisaba mu nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG