Uko wahagera

Umuririmvyi Atilla Tas Muri Sentare Muri Turukiya


Abapolisi ba Turukiya batwaye Umuririmvyi Atilla Tas ku cicaro ca Polisi i Istanbul.
Abapolisi ba Turukiya batwaye Umuririmvyi Atilla Tas ku cicaro ca Polisi i Istanbul.

Umuririmvyi azwi cane muri Turukiya, Atilla Tas hamwe n’abandi bantu 28 barwiriyemwo abamenyeshamakuru bararengutse imbere ya sentare I Istanbul kur’uyu wa mbere.

Bagirizwa ivyaha vy’iterabwoba kuko bafitaniye imigenderanire n’umunyedini w’umunyeturukiya aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yamye yagirizwa kuba ku mutwe w’abashatse gutembagaza ubutegetsi muri Turukiya m’umwaka uheze.

Bashobora kuzofungwa imyaka ishika kw’icumi mugihe bokwagirwa ko bakoranye n’umurwi ukora iterabwoba witwaje ibirwanisho.

Urwo rubanza ruje rukurikira uruhigi kubagirizwa kugira uruhara mugushaka gutembagaza ubutegetsi ruhitiye aho ibinyamakuru birenga 100 vyugawe n’abantu barenga ibihumbi 41 bamaze gutabwa mumvuto kuva m’ukwezi kw’indwi umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG