Uko wahagera

FIDH Iragabisha Ubwicanyi Kivunga muri RDC


Igipolisi ca Kongo gifata abari mu myiyerekano i Bukavu, muri RDC, Italiki 23 ukwezi kwa kabiri 2016.
Igipolisi ca Kongo gifata abari mu myiyerekano i Bukavu, muri RDC, Italiki 23 ukwezi kwa kabiri 2016.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu FIDH ritangaza ko rifise amakenga ko hashobora kuba ubwicanyi kivunga muri Republika iharanira demokarasi ya kongo mugihe hasigaye amezi icenda ngo hatunganwe amatora y’umukuru w’igihugu mur’ico gihugu kirangwamwo indyane za politike.

Ivyo iryo shirahamwe ryabishikirije kur’uyu wa mbere hasigaye imisi ibiri ngo inama ya ONU ijejwe umutekano ikorane kugira yongere ikindi kiringo inteko zayo za MONUSCO ziri muri Kongo kugarukana amahoro.

Mu mwaka w’1999, MONUSCO yarungitse abasirikare bashika ibihumbi 19, abapolisi hamwe n’indororerezi za gisirikare mu buraruko no k’umurwa mukuru Kinshasa.

Paul Nsapu, icegera c’umunyamabanga mukuru wa FIDH yashikirije ko amashirahamwe aharanira agateka kamuntu muri Kongo yasavye ko uretse kwongera ikiringo MONUSCO, hakwiye gufatwa ibindi bihano ku babangamiye amahoro birenze kuvyo Uburayi n’Amerika vyafashe mu mpera z’umwaka w’2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG