Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu FIDH ritangaza ko rifise amakenga ko hashobora kuba ubwicanyi kivunga muri Republika iharanira demokarasi ya kongo mugihe hasigaye amezi icenda ngo hatunganwe amatora y’umukuru w’igihugu mur’ico gihugu kirangwamwo indyane za politike.
Ivyo iryo shirahamwe ryabishikirije kur’uyu wa mbere hasigaye imisi ibiri ngo inama ya ONU ijejwe umutekano ikorane kugira yongere ikindi kiringo inteko zayo za MONUSCO ziri muri Kongo kugarukana amahoro.
Mu mwaka w’1999, MONUSCO yarungitse abasirikare bashika ibihumbi 19, abapolisi hamwe n’indororerezi za gisirikare mu buraruko no k’umurwa mukuru Kinshasa.
Paul Nsapu, icegera c’umunyamabanga mukuru wa FIDH yashikirije ko amashirahamwe aharanira agateka kamuntu muri Kongo yasavye ko uretse kwongera ikiringo MONUSCO, hakwiye gufatwa ibindi bihano ku babangamiye amahoro birenze kuvyo Uburayi n’Amerika vyafashe mu mpera z’umwaka w’2016.
Facebook Forum