Uko wahagera

USA: Amatohoza ku Bitero Vyahitanye Abasivili I Mosul


Jenerali Joseph Votel ayoboye ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika
Jenerali Joseph Votel ayoboye ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika catangaje ko iyicwa ry'abasivile mu gisagara ca Mosul, mu buraruko bw’igihugu ca Iraki ari ibintu bibabaje cane.

Ico gisilikari gitangaza ko kiriko kiratohoza ivyagirizo vyuko ibitero vy’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika vyahitanye abasivile bagera kw’ijana muri Mosul mu ntango z’uku kwezi.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bwamenyesheje kw’ivyihejwe ubwa mbere vyerekanye kw’indege z’ingwano z’urwo runani zagize ibitero kw’italiki 17 z’ukwezi kwa gatatu mu kibanza kivurwamwo ivyagirizo vy’abasivile bishwe muri Mosul.

Inteko z’igihugu ca Iraki zifashijwe n’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika ziriko zigerageza gusubira kwigarurira igice co mu burengero bwa Mosul cafashwe n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu hagati mu mwaka w’i 2014.

Jenerali Joseph Votel ayoboye ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika yatangaje ku musi w’Imana kw’inteko z’urunani ruyobowe na Amerika zizobandanya gukora ibishoboka kugira zirinde kugeramira abasivile. Avuga kw’urugamba rwo Mosul ari igikorwa kitoroshe kubera umwansi akorera mu basivile.

Abasivile barenga igice c’umuliyoni babonwa ko bakiri mu bice biri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu muri Mosul. Benshi muribo bakoreshwa n’intagondwa za Reta ya Kiyislamu nk’inkinzo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG