Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bukwije Imyaka 60


Abakuru b'ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya mu birori bahimbaza imyaka 60 uwo muryango umaze, i Roma, italiki 25 ukwezi kwa gatatu, 2017.
Abakuru b'ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya mu birori bahimbaza imyaka 60 uwo muryango umaze, i Roma, italiki 25 ukwezi kwa gatatu, 2017.

Abakuru b’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya kur’uyu wa gatandatu barahimbaje imyaka 60 iheze uwo muryango ubayeho, aho ni mugihe Ubwongereza buzotangura kuwuvamwo burundu mundwi iza.

Mw’itangazo ryasozeye inama yabereye i Roma m'Ubutaliyano, abakuru b’igihugu 27 biwusigayemwo biyemeje kurangiza ivyo badahurizako kubibazo bitari bike bafise.

Umukuru w’inama y’umuryango w’Ubumwe bwa buraya Donald Tusk yasavye ibihugu biri mur’uyo muryango kunagura ubumwe bwaranga uwo muryango nkuko bavyemeye.

Abo bategetsi bizigiye ko mugihe bokomeza ubumwe vyoha inkomezi uwo muryango uhanzwe n’ingorane z’ubutunzi, ikibazo c’impunzi.

Mu mwaka w’1957 niho amasezerano y’I Roma ashinga uwo muryango yaterwako umukono n’ibihugu bitandatu vyawutanguje, vyemerenya kugira isoko rusangi no kureka uruja n'uruza rw'abantu, n'ibidandazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG